Basketballhomepagekirundikirundi_Sports

#Basketball : Indundi yubuye abasa na Jean na Landry

Nkuko mubizi , umuntu aremwa mw’ishusho y’Imana ariko hari igihe umuntu asa n’uwundi hafi ijana kw’ijana.

Muri Iran hariho abagabo babiri basa n’ibihangange Christiano Ronaldo(asa na Reza Alireza Lou) na Messi(asa na Reza Paratesh umugabo yahenze abagore 23 ko ari Messi eka uravye neza umuririmvyi David Guetta asa na Luca Modric wa Real Madrid . Hano iwacu mu Burundi ikinyamakuru canyu carahuye n’abagabo babiri.

Uwa mbere yitwa Arthur (yambaye Maillot ya Barcelone ) asa cane na Jean Hakizimana akinira Dynamo basketball club mbere Hakizimana ntiyahakanye ko basa naho batazinanye.

Uwundi nawe Indundi yahuye nawe, asa cane na Landry Ndikumana akaba yambaye ishati yera nikaruvati yitwa Nelson avuka mu ntara ya Cibitoke , komine Rugombo akaba yize mu gisata c’ubuvuzi akaba yarakinye muri Amen f.c na Kajaga Rugby club.
Nelson aganira n’umunyeshamakuru wa Indundi yamubwiye ko kuva 2017 aho yaca hose mu ntara bamwe bamwe bamwita Landry kandi we bikamutangaza kuko atawe yarazi. Landry akina basket ball muri city oilers muri Uganda akaba yafashije Urunani gutwara zone 5 zibiri.

Indundi sports irifuza guhuza abo barunda basa ariko batazinanye, igikuru nuko bose bakunda cane inkino .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 873