Basketballfeatured sporthomepagekirundikirundi_Sports

Basketball :Inkino zari zitegekanijwe kuri uno munsi zungurujwe

Ihiganwa ryitiriwe Guparia na NBA fans 4 ever, ntirikibaye kuri uyu wa gatandatu nkuko vyari bitegekanijwe 

Ayo makuru agashikirizwa na Gygy Guylain asanzwe arongoye for the love of the game ari nawe yatunganije iryo higanwa

Kuri uyu wa gatandatu ku kibuga ca Toyota Gikungu, hari hategekanijwe ihiganwa ryohujije abakinyi batandatu bavuye mu mirwi itandukanye yo muri ACBAB ariko bikaba vyari bitegekanijwe ko bakina umwe ku wundi mu vyo bita 21 :

-Mu bakina inyuma , Musoda Régis wa dynamo yotanye mu mitwe na Felix Nijimbere akina m’ Urunani.

-Mu bakina badugana imipira Francis Irakoze batazira Baka wa Gymkhana yokinye na Vyamungu Shabani wa Dynamo.

-Mu bakina ku ruhande , Nijimbere Gaël batazira Forestier yohuye na Ally Ndayishimye w’Urunani urukino rwose kugira urutsinde uzoba watahukanye intsinzi zitatu muri 21.

Gygy Ghylain arongoye For the love of the game yavuze ko bari batunganije izo nkino mu ntumbero yo guhuza abakinyi n’abakunzi.

Indundi sports ikaba ikejeje abari biyumviriye gutunganya izo nkino .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874