Basketballhomepagekirundikirundi_Sports

#Basketball : Menya ibivurwa muri basket-ball y’i Burundi dufatiye ku vyabaye mu mpera y’ino ndwi twarangije

Ku kibuga Toyota Gikungu, Urunani basketball club kuri uyu w’Imana yirahiye les hippos mu rukino rwa kivandimwe ku manota 72 kuri 44.

1. Birakomeye hagati y’ubushikiranganji bw’inkino na FIBA Afrique iraba urukino rwa Basket muri Africa bakaba bayaze mu makete.

Kw’igenekerezo rya 20 Ntwarante 2020, umushikiranganji w’inkino n’imicokama Pélate Niyonkuru yarishuye ikete yandikiwe na Alphonse Bilé umunyamabanga mukuru wa FIBA muri Africa ryo kuwa 5 Ntwarante 2020, iryo kete rikaba ryamenyesha ko uburongozi bwa FIBA muri Africa bwemera Augustin Kararuza.

Uwo mushikiranganji w’inkino muri iryo kete akaba yamenyesheje ko Uburundi ari igihugu cigenga kandi cikukiye kandi atanumwe yemerewe kugitegeka aca anamenyesha ko ubushikiranganji bw’inkino bwemera Sefu Sabushimike yatowe mu matora kw’igenekerezo rya 28 kigarama 2019. Yarangije ahamagarira uwurongoye comité national olympique bahaye ikopi kwemera uwo watowe.

Ariko naho biruko bamwe mu bakurikirana Basket-ball bakibaza ko FIBA ishobora gufatira ibihano Basket y’i Burundi.

2.Aimé Bitagoye ari mu batanguje New stars yamaze kuva muri uwo murwi akaba yagenywe muri Gymkhaana nk’umuyobozi muhinga akaba n’ umumenyereza mukuru w’uwo murwi wahoramwo Jeanou Karabe.

3.Gontran Emerusenge yasezeye umurwi wamureze Gymkhana ubu akaba yaguzwe n’Urunani bikavurwa yuko yoba yaguzwe umuliyoni mu mafaranga y’amarundi.

4.Nobel Niyonganji wa Dynamo basketball yasubiye mu murwi wamureze Urunani basketball club .

5. Richard Bienvenue Ndikuriyo yaramaze umwaka muri dynamo basketball ntiyemerewe kwongereza amasezerano muri uyo murwi kubera ko uburongozi bwa Mutanga United yamukamwo bwanse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874