Ibikorwa vy’amaguru biri mubishobora gutera indwara y’ibigatu canke imvutu. Muganag yanonosoye ibijanye no kuvura Indwara zo k’urukoba Jean Berchemas Ntihebuwayo avuga ko m u gihe umuntu atayivuje ishobora guteza ubumuga ariko akemeza ko ari indwara ikira.
Indwara y’ibigatu abandi bita imvutu ifata ibirenge canke ibiganza “kératodermie palmo-plantaire” ikagaragazwa n’isadagurika canke ivungagurika ry’izo ngingo z’umubiri ishobora guterwa n’ibikorwa umuntu akora canke umuntu akayirwara kuko hari uwo mumuryango ayifise (herédité). Ivyo bisigurwa na muganga Jean Berchimans Ntihebuwayo yanonosoye ibijanye no kuvura indwara zo kurukoba.
Kubwiwe, ibimenyetso vy’iyo ndwara bishobora kwibonekeza mbere k’umwana akiri muto.
Mugihe iyo ndwara ishobora guterwa n’ibikorwa vy’amaguru canke amaboko umuntu akora, muganga Ntihebuwayo asigura ariko ko ivyo bivana n’ingene umubiri wumuntu uba wubatse “predisposition génétique” kuko atari abakora ivyo bikorwa bose bafatwa n’iyo ndwara.
Hambavu yuko iyo ndwara ibabaza , muganaga Ntihebuwayo asanga iyo ndwara akenshi abantu bayisuzugura kandi ishobora no kuba ikimenyetso c’izindi ndwara umuntu ashobora kuba afise ,nk’indwara ya cancer.
Nayo zimwe mungaruka z’ukutayivuza ni uko umuntu ashobora kumugara zimwe mungingo z’umubiri wiwe.“Ingaruka zose k’umuntu ativuje indwara iyariyo yose,indwara irahava igakura ikagorana kuvura…irahava igashikira izindi ngingo nk’amakonyera hanyuma hakazamwo n’ubumuga canke hakazamwo n’iyindi migera ikamutera ibindi bibazo”
Bumwe muburyo bwo kugira uwufise ibigatu yoroherwe, harimwo kwisiga amavuta yorosha umubiri canke amavuta y’inka. Muganga Ntihebuwayo avuga ko ivyo bishobora kubafasha kuko ayo mavuta yorosha umubri, ariko ko ayo ashobora gusendwa. Ahanura uwobona wese ikimenyetso co gushishuka canke gusaduka mukirenge canke mukiganza kwitura abanganga kugira avugwe indwara imutera uko gusadagurika canke gusaduka kugira ahabwe amavuta azwi nka kératolytique arimwo umuti ufasha kworosha umubiri.
Inkuru yanditswe na Egide NAHAYO
















