abakinyi bakina hanzefootballhomepagekirundi_Sports

Nestory IRADUKUNDA agiye gukinira umurwi wo mugihugu c’ubudagi

Ntibikiri ibanga Nestory IRADUKUNDA yamaze kugurwa n’umurwi Bayern München, akaba yaguzwe  amafaranga angana n’imiliyoni 3 mu mafaranga y’abongereza(pounds).

Nk’uko tubisanga ku rubuga ngurukanabumenyi rw’umumenyeshamakuru Fabrizio Romano , Nestory IRADUKUNDA yamaze kugurwa n’umurwi Bayern München amafaranga angana n’imiliyoni 3 mu mafaranga y’abongereza(pounds) IRANKUNDA Nestory akaba ari ari umurundi afise imyaka 17 y’amavuka, akaba asanzwe akinira umurwi Adélaïde United mu cicaro ca mbere muri Australiya.

Uwo mu menyeshamakuru aremeza ko iyo mirwi ibiri yamaze kwumvikanako.

Mu kwezi kwa myandagaro uno mwaka ,uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, MUYENGE Alexandre yarakoze urugendo rumushikana mu Gihugu ca Australiya aho uwo Nestory IRANKUNDA asanzwe aba hamwe n’umuryango wiwe, mu ntumbero yo kubashikiriza iciyumviro co gukinira umugwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba

Mwomenya ko Nestory IRANKUNDA azokinira umurwi Bayern München mu mwaka wa 2024.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 804