BDUSAAlbinosBurundiDiasporadiaspora eventshomepagekirundiUmusuma

#BdUSA | bati Nyaragasa wiyandikishe , hasigaye imisi itatu gusa!

 

Umugwi ujejwe amatora agiye kuba hagati y’Abarundi baba muri Leta zunzubumwe za Amerika, ubicishije ku cegera c’umuyobozi wawo,  wibukije Abarundi bose baba muri Leta Zunzubumwe za Amerika ko ikiringo c’ukwiyandikisha ku bashaka kwitoza kizorangira kuri uyu  wa gatanu, igenekerezo rya ndwi Ruheshi 2019.iyandikwa ry’abazotora rirabandanya rikaba rizorangira kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi 2019. Ukwiyamamaza kw’abazoba bemerewe kwitoza kuzotangura ku wa munani Ruheshi 08/2019 kurangire ku wa 26 Ruheshi 2019.

 Arongera akamenyesha ko amatora azotangura ku wa 27 Ruheshi arangire kw’igenekerezo rya 29 z’uko kwezi nyene 2019. Ibizoba vyavuye mu matora bizotangazwa ku wa 30/07/2019 muri Phoenix Arizona aho abarundi benshi bava mu ma Leta atandukanye bazoba bakoraniye bahimbaza imyaka 57 iheze Igihugu cacu c’Uburundi cikukiye.

Nk’uko uwo mugwi ubandanya ubimenyesha, ngo kugira utore canke witoze, utegerezwa kuba wariyandikishije, vyose bibera kuri internet kandi n’amatora abera kuri Internet.

Abatariyandikisha rero bahamagirwe kwiyandikisha vuba baciye ku rubuga Internet: www.burundiusa.com, ari narwo nyene amatora azoberako biciiye ku buhinga bwa none.

Ikibwirwa ni icumva, uwogira ikibazo co kwiyandikisha yohamagara  canke n’akandi kangonongono yoheza akakura , agahabwa umuco aciye kuri uno murongo  6053239002.

NYARAGASA WIYANDIKISHE !

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770