BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Belle Nice ngo yoba ariwe ntandaro y’ukuvana kwa Kent-p na Sat-b

Ibiriko biravurwa kw’ikinjura rya Kent p muri Empire Avenue, kandi ariwe Manager wa Sat-b na bagenziwe bari muri iyo Label, uwo musore yabitangiye umuco,kugira kwaba ukuri canke ikinyoma bimenyekane.

Mu kiganiro umukubito, Kent p yavuze ko be na Sat-b bavuye kure, kuko kuva mu mwaka wa 2012, ngo bari bafise umugambi wo kuzogira ico bashinze noneho ngo banafashe n’abandi baririmvyi. Ariko n’ivy’ukubana ngo vyarimwo.

“Kuva muri 2012 twari dufise indoto, zo kuba hamwe dukore ibi na biriya, dushike aho dushinga Label, dushiremwo abaririmvyi, tubafashe gushika ku rugezo kanaka. Hama dushike igihe tuvane, bitavuye ku kazi, ahubwo n’igihe c’ubuzima aho umwe wese aja ukwiwe.Ariko ikintu gituma tuguma tuba hamwe n’akazi.”

Ivy’uko Sat-b atakibarizwa muri Empire ngo boba bavyitiranije nuko ubu batakibana mu nzu, kuko bitari ngo mbwa ko uguma ubana n’umuntuimyaka yose, kuko hari igihe ugeramwo noneho bikaba ngobwa ko bavana.

“Ivy’uko rero noba natandukanye nabo,ko ntakiri muri Empire Avenue, ubwo n’ububeshi, ni bimwe abantu bamenyereye ko twama turikumwe. Sasa abantu baca bibaza ibindi. Ntuzi abana b’abantu ko buri muntu agira ivyiyumviro vyiwe.”

Muri ico kiganiro nyene, Kent-p yavuze ko ibivugwa ko intandaro y’ukuvana nawe yoba ari Belle Nice, kuko atashimye ko aguma abana na Sat-b, kugira abe ariwe baja kubana, ngo sivyo naho basigaye babana.

Mwomenya ko Kent-p ariwe ariko arakora amasanamu y’indirimbo zitari nke zivurwa muri Label ya Empire Avenue, aho ni nka Umubabaro,Izina, n’izindi ziri inyuma ziriko zirakorwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775