BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Belle Nice yavuze uburyo Sat-b yamubeshe

Umuryango wa Belle Nice ngo uraryoherewe inda afise, kuko ngo n’umuvyeyi wiwe yaranamukeje kuko ngo yahawe ivyo abenshi bipfuza.

Mu kiyago n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu, uwo mwigeme avuga ko umuryango umuri hafi, kuko Inda atayitewe n’uwari wese, ariko ngo n’umuntu bari basanzwe bazi kandi atariko amutesha umwanya.

Uwo mwigeme yibungenze umwana w’umuhungu, yavuze kandi ko mu misi iheze atipfuza kwegera ama Camera atari kuko ngo vyari bimuteye isoni, ariko ngo kwari uko yumva adashaka kuronderana n’aba camera. Nayo ngo abamuvuga nabi ngo baruzuye, kuri we ngo ntaco vyari bimutwaye.

Belle Nice afitanye indirimbo nshasha n’umukunzi wiwe yanse kugira ico avuga kuri iyo ndirimbo nshasha kuri Micro za Siren Vibe, ahubwo asaba abantu kuguma barikanuye bayirindiranye igishika cinshi.

Nayo ku musi wa Baby Shower, uwo mwigeme yavuze ko Sat-b ngo yamubeshe kugira ntihagire ikintu na kimwe aca n’ikanda. Ariko imbere yahoo ngo yaragize igihe aguma ahindura Password mu gahamagazo kiwe, kugira bikunde ntihagire ico amenya muvyariko bimutegurirwa, ariko akaba yaiketse ko hari ikiriko kirategurwa atashaka kumubwira ariko ngo ntiyagira ikintu na kimwe amenya.

Mwomenya ko uwo mwana azoba abaye uwa 3, kuko Sat-b afitanye abana 2 n’umugore wiwe wa 1. Uwo bakaba baranubakanye, barambikana impeta mu mugirwa wo mu musigiti, noneho baza kuvana avuye mu gihugu ca Kenya, aho yanahinduriye Management akava muri African Sound akaja muri Management ya Ikoh.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775