Basketballkirundikirundi_Sports

Bemerewe Inka kugira batsinde Imvubu”Les hyppos”

Ihiganwa rya basketball rirabandanya rikaba ririko riragera ku musozo waryo.
Imirwi ine ya mbere niyo izoserukira igisagara mu mahiganwa y’igihugu bita mu kinyamazuru Championnat national .

 

Les hyppos iza gutana mu mitwe na New Stars , ku rutonde Les hyppos (Imvubu) bafise intsinzi 9 mu gihe New stars ifise intsinzi 8 vyumvikana ko Imvubu zitsinze uru rukino zikongera zigatsinda Dynamo mu rukino rw’ikirarane rwimirije , zizoba zinjiye mu mirwi ine ya mbere ariko New stars nayo isabwa gutsinda Les hyppos kugira yiyongera amahirwe yo kuja mu mirwi ine ya mbere ari naco gituma icegera c’uwurongoye uwo murwi Egide batazira Honorable Gasazi yabemereye ko baramutse batsinze Imvubu azoca abashikiriza Inka .

Urwo rukino rutegekanijwe isaha icenda ku wa gatandatu igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2021 .
Tubibutse ko hari n’urundi rukino rutegekanijwe bukeye ku w’imana hagati ya Dynamo na New stars.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 637