BurundifootballhomepageIbiyovyabwengekirundikirundi_SportspromotedTabacYvan muziki

Benyimana Caleb yafatiwe ibihano bikomeye

Umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu rugamba ndetse n’Umugwi Rayon Sports Bimenyimana Bon fils Caleb yafatiwe ibihano bikomeye n’ishirahamwe rirongoye umupira w’amaguru mu Rwanda FERWAFA .

Eka si Caleb wenyene yoba yafatiwe ibihano hashobowe gufatirwa ibihano n’uwusanzwe abika ibikoresho vy’Umugwi Rayon Sports tutibagiye n’Umugwi wa Sunrise.

Intandaro yo gufatirwa ibihano n’akajagari kabaye mu rukino rw’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam premier league rwabaye igenekerezo rya 01 Munyonyo umwaka wa 2018 , aho Umurorerezi n’Umugwi wa Sunrise atashoboye gushimishwa n’ingene umuhagarikizi yariko aritwara muri urwo rukino niko guca yinjira mu kibuga arwana na Caleb Bimenyimana Bon fils ndetse n’uwusanzwe abika ibikoresho mu mugwi Rayon Sports Claude . Inyuma y’uyo murorerezi wa Sunrise yinjiye mu kibuga kurwana na Caleb na Claude abo bagabo ntibamwihanganiye niko guca bamukubita arwa hasi avayo ahakuww n’abajejwe umutekano .

FERWAFA ikaba yahanye Caleb Bimenyimana kudakina inkino zitatu z’ihiganawa ryo mu Rwanda Azam premier League ndetse ana tange n’amahera y’indishi y’akababaro kangana n’amafaranga angana 30.000frw , mu gihe Claude Dushimiyimana nawe yafatiwe ibihano vyo kumara umwaka wose adahonyoza ikirenge mu bikorwa vyarivyo vyose vy’Umupira w’amaguru mu wo mu Rwanda ace atanga n’amafaranga y’indishi ya kababaro ingana 50.000frw. Umugwi Sunrise nawo ukaba wahanywe mugukina urukino rukurikira atamurorerezi n’umwe ari kibuga aho bitegakanijwe ko bakina na APR FC kw’igenekerezo rya 08 Kigarama umwaka wa 2018.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 882