BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Berry Music ngo abagwizatunga nibashiremwo amahera harunguka

Umuririmvyi Berry Music ngo amahera akoresha mu gusohora indirimbo ni umurengera niyo mpamvu adashobora gusohora indirimbo ku bwinshi.

Mu kiyago yagiranye na Akeza.net, uwo muririmvyi yatanze insiguro y’igituma afise indirimbo ziharurwa ku ntoke.

Nk’uko ico kinyamakuru cabishikirije ku ubuga rwaco rwa Instagram, uwo muririmvyi avuga ko kugira abashe gukora indirimbo ayiheze bimusaba amafaranga agera ku 2,500,000 y’amafaranga ya hano iwacu.

Ubwo bwinshi bw’izo noti 250 z’ibihumbi 10 bukaba rero aribwo butuma ngo hatabaho ukwihuta.

Uwo muririmvyi akaba ariko kandi yavuze ko ngo aravye uko yinjije n’uko yabashije gusohora, ngo aremeza adakekeranya ko umuziki ari urudandazwa rwiza.

Muri ico kiyago nyene ntiyaretse kuvunira akagohe abagwizatunga ngo bamenye gushira amafaranga muri urwo rudandazwa, atari kw’iterambere ry’umuziki wacu gusa, ariko no kw’iterambere muri rusangi.

Akaba abishikirije inyuma y’amezi 8 adashira ahabona akaririmbo na kamwe kiwe, ariko hasohoka indirimbo yafashije abandi, akaririmbo ka nyuma aherukirako kakaba ari Ma kamaze kurabwa n’abarenga 131,000 kuri YouTube yiwe.

Mwomenya kandi ko uwo muririmvyi aheruka kwerekana abagize umugwi bakorana mu bijanye n’ibikorwa vyiwe vy’umuziki, aho ni nk’umumenyeshamakuru Elsie asanzwe ajejwe kuvugira uwo muririmvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775