BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Berry Music yacagujwe hagati ya Big Fizzo na Sat-B 

Abafana b’umuziki wa Berry Music ngo nibitege ikindi gikorwa gishasha mu kwezi gutaha. Ivyo vyaraye bishikirijwe na Berry ubwiwe aho yaganira n’abafana biwe.

Uwo muririmvyi aheruka kwumvikana mu ndirimbo yakoranye na Treyzo na Rappyboy, ntiyashikirije ko iyo ndirimbo azoba ari iyiwe wenyene canke ari Collabo.

Muri ico kiyago yagiranye n’abafana ku rubuga rwa Instagram, uwo muririmvyi ntiyatomoye neza, ariko yumvikanishije ko hari izindi ndirimbo yakoranye n’abandi zikihari, naho atashimye kuzivuga, canke kuvuga benezo.

Ikindi kibazo yabajijwe n’uwo yohitamwo gukorana nawe hagati ya Big Fizzo na Sat-b, uwo muririmvyi avuga ko yipfuza gukorana n’abo bose.

Mwomenya ko uwo muririmvyi aheruka gushira ahabona indirimbo haraheze amezi 7, iyo nayo ikaba sri MA, uno musi imaze kurabwa incuro 129,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube rukurikirwa n’abashika 22,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775