BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo aburiye The Ben

Big Fizzo ngo naho The Ben azoba ariwe nyene igiteramo kigiye kuzobahuza, ngo araba maso, kuko hari intare 2, agiye kuzosanga I Bujumbura.

Mu kiganiro Big Fizzo yaheye umumenyeshamakuru Chita yaherekeje umugwi uje kuraba uko igiteramo Kiriko kirategurwa, yavuze ko The Ben asanzwe amukunda Kandi akunda Indirimbo ziwe.

Uwo muririmvyi yanavuze Kandi ko naho The Ben ari umu Superstar, ngo azoze yitonze, kuko hari abandi bari ku rwego rumwe hano iwacu.

Yagize Ati : ” Azoze nk’umu Superstar, ariko amenye ko no ngaha hariho aba Superstar barenze. Bisigura ngo azoze yiteguye, ntazoze ngo aje gukora igiteramo gusa ace agenda, kuko hariho n’abandi baririmvyi.

“Amenye ko ngaha hariho abandi baririmvyi bakunzwe cane, IL faut ko ashiramwo inguvu nyinshi yemeze abarundi. ”

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi akaba yavuniye akagohe mugenziwe ko ibintu bitazomworohera, kuko ariwe azobasha kuririmba ubwa nyuma. Kubwa Big Fizzo ngo we na mugenziwe aho bazoba baciye ntihazoba horoshe guhonyoza ikirenge.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757