Hampande y’ingabire zo kuririmba Big Fizzo aranafise iyo gukina amareresi, ivyo bikaba bigiye kubonekera mw’ireresi nshasha y’uruhererekane iriko irakinwa.
Iyo reresi ikaba igize igihe iriko irakinwa, ikaba iri mu minwe y’umuririmvyi, umunyamitahe mu kinyamakuru ca hano iwacu, eka akaba kandi umukinyi n’umwanditsi w’amareresi, Kook k.
Ntiharamenyekana akazina k’iryo reresi rizobonekamwo uwo muririmvyi, eka ntiharanamenyekana igihe izosohokera. Eka n’abazoyibonekamwo ntibaramenyekana uretse Mugani Desire.
Amashusho yerekana uwo muririmvyi ariko arakina yatanguye kuboneka Ku mbuga za WhatsApp za Kook n’umutambukanyi wiwe.
View this post on Instagram
Mwomenya ko Kook k ariwe mwanditsi akaba no mu bakinyi b’imbere mw’ireresi Suzanna ryigeze gukundwa cane hano iwacu, ubu iryo reresi rikaba riboneka Ku rubuga rwa YouTube.