BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Big Fizzo ahamagarira abaririmvyi Kudatanga ibiganiro

Ntivyoroshe muri kino gihe kubona Mugani Desire benshi muzi nka Big Fizzo mu biganiro ku binyamakuru bitandukanye, Imvo uwo muririmvyi akaba yaraye ayitanze.

Uwo mwanditsi w’indirimbo zashitse ku nyota abatari bake, akaba yamenyesheje ko ubu yahinduye ingendo, ko adashobora gupfa uwo ahaye ikiganiro.

Uwo muririmvyi akanahamagarira abaririmvyi bagenziwe ko nabo bokwihagararako bahagarika guha ibiganiro abamenyeshamakuru bamwe bamwe.

Uwo muririmvyi akaba yavuze ko abo yahagaritse guha Ibiganiro Ari abamenyeshamakuru batavuza Indirimbo ziwe, uwo muririmvyi akaba abona ko atacoba kimuzanye mu gihe nawe ata ndirimbo ziwe ziba zivuzwa.

Akaba yanagiriye anavuga muri ico kiganiro ko abo bamenyeshamakuru bafise uruhara runini mu gukundisha umuziki w’abarundi, z’aba ingenzi co kimwe n’abarundi ubwabo.

Ivyo uwo muririmvyi akaba yabishikirije mu gihe yariko yishura ibibazo mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, abateguye igiteramo citiriwe Diaspora Homecoming, kizoba kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 22/7 kuri Miki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775