Entertainmenthomepage

Big Fizzo akaba ashize ukuboko muri ca Kibazo co muri Amicale

Ca Kibazo Kiri muri Amicale Des Musiciens du Burundi, na Big Fizzo agihambijemwo umutambukanyi wiwe asanzwe ari icegera c’uwutwara iryo shirahamwe. Bwa bundi ngo ugutanga Sponsor vyateje ikibazo.

 

Ibintu bikaba birakomeye, Big Fizzo nawe akaba ashize urutoke muri ca Kibazo co muri Amicale twaheruka kubashikiriza ko gishobora kuba kidahagaze neza.
Mu makuru duheruka kubashikiriza twari twababwiye ko ibintu muri Amicale bishoboka kuba bidahagaze neza, ikimenyamenya n’uko hakozwe Indirimbo 2 ku musi wahariwe abakenyezi.
Ibintu rero bisubiye gukomera, ubu naho na Big Fizzo nawe abivuzeko .
Akoresheje urubuga rwiwe rwa Whatsapp, uwo Mugabo muri ino misi abarizwa I Burayi, yavuze ko ya Ndirimbo yatanze nka Sponsor, igakorerwa abagore ku musi wabahariwe, ngo yabaye ikibazo, naho atatomoye ico kibazo aho giherereye.
Uwo muririmvyi nyene ntiyatevye kuko yaciye asubira Kandi kwandika ko muvyo abona ko bikenewe muri ino misi, ngo ari ikoraniro ridasanzwe, Assemble General, ry’iryo shirahamwe kugira havugwe vy’ukuri ikibakiye umuririmvyi wese abarizwa muri iryo shirahamwe.
Uwo muririmvyi akaba abishikirije mu gihe umutambukanyi wiwe nkuko mubizi ari icegera c’uwutwara iryo shirahamwe, akaba Kandi ari nawe bivugwa ko boba batabona kumwe ibintu na President ariwe Krazzi Bright.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707