Entertainmenthomepage

Ibara riraguye, umurundikazi basubiriye kumwerekana ari gusa

Ayo mashusho y’urukozasoni ntituyerekana ahubwo duteye ivyatsi mwene iyo ngendo.

Snapchat isubiye Kandi gukora ibara, uwundi mukobwa asubiye gushirirwa ubwambure bwiwe kwi barabara n’uwuvugwa ko ashobora kuba ari umu Diaspora bari baryamanye. None bamwe batanguye kwibaza ko boba batunzwe n’ukudandaza umubiri Kuri abo ba Diaspora.

Ibara rirasubiye kugwa I Bujumbura, uwundi mwigeme asubiye kurikoroza, none Kuri Twitter na Whatsapp amajambo yabaye yose.
Nta wuzi uwatanguye gukwirakwiza ayo mashusho, naho bamwe bari batanguye kuvuga ko yoba Ari Nelly Nat wa munyarusaku, ariko we akaba yahavuye avyihakana, akavyamirira kure, aho nawe yavuze ko yabihawe nk’abandi bose.
Uwo mwigeme yashizwe kw’ibarabara ariko arasambana vyavuzwe ko yoba aba mu Kigobe. Abamumemye banatanguye gukwirakwiza amazina yiwe, Bikavugwa ko yoba yariko asambana n’umugabo w’umu Diaspora.
Ayo mashusho akaba ata wuzi uwayakwirakwije, ariko icabonetse co nuko yari yashizwe Kuri Snapchat y’uwitwa Yohani. Kuko uwakwirakwije ayo mashusho yayakwirakwije ayakuye Kuri iyo Snapchat y’uwo muntu.
Abayabonye twabashije kubona commentaire zabo, bakaba bavuga ko ibi bintu ateri vyziza na Gato, naho bamwe bacishamwo bagafata umwanya wo gutwenga, kuko batanguye kugereranywa ibihimba babona n’ivyabandi, abandi n’abo bakagereranya ubwiwe babona kw’ifoto n’ubwo babonye muri iyo Video.
Bamwe mu babashije kubona iryo bara bakaba bataretse kwibaza nimba aba bakobwa beza beza baboneka ngaho Hanze babeshejweho n’ukwo kwidandaza, canke baba bashaka amafaranga noneho bakayaguza imibiro yabo.
Iri bara riguye mu gihe hari ayandi yaheruka gushirwa ahabona n’abandi nyene bivugwa ko bayarungikiye, akaba yavugishije benshi, kuko hamaze imisi hibazwa igituma, barungikirana amashusho nkayo.
Yaga Burundi ikaba mu misi iheze aho haboneka abandi bari bakorewe aka kabi, bari bagarutse Kuco abantu bokora ngo amashusho nkayo ntasubire Kandi gukwirakwizwa.
Iki cakozwe, co kurungikirana amashusho nkayo, bikaba bihanwa n’amategeko hano iwacu, ariko Kandi no mu bindi bihugu bikaba bihanwa n’amategeko.
Aho mu kamenya ko ibi bidasiba gukorwa, Kandi akatari gake, bivugwa kuba vyasohowe n’abagabo canke abasore bo muri Diaspora, kuko amashusho aba yabarungikiwe n’abakobwa baba mu Burundi.
Abakobwa beza beza baboneka bakaba badasiba guhanurwa ngo barabe bakure amaboko mu mpuzu batangure gukora, kuko ari ibara ku mutemere ko umukobwa ashobora kubaho arindiriye uwumubeshaho gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707