BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Big Fizzo aravuze abana afise, n’igihe azohebera umuziki

Mu kiganiro Big Fariouz aheruka guha kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu, yavuze vyinshi ku bijanye n’ubuzima bwiwe, aho yanavuze izina ryiwe ry’ukuri abantu benshi batari bazi, avuga igitigiri c’abana afise, eka n’imyaka yiwe y’amavuko, mbere n’igihe azohagarikira umuziki.

Big Fizzo amazina yiwe yukuri ngo ni Nduwimana Mugani Desire, yavukiye mu bwiza kuri Avenue de l’universite mu mwak wa 1978, nukuvuga ko afise imyaka 42.

Mugani ngo s’inkandagirabitabo, kuko yize amashure y’intango n’ay’isumbuye mu gisagara ca Bujumbura. Amashure y’intango yayize mu nyakabiga kuri EPA, no mu Buyenzi kuri Jumuia, amashure yisumbuye yayize kuri ICB no kuri Centre Scolaire Congolais. Abajijwe ico yize uwo muririmvyi yavuze ko atazi ico yize, ngo bishoboka ko yize HISTOIRE.

Mugani Desire uko yagiye akura ngo yarahuye n’abakobwa bagiriranira ubucuti, naho ata mw’igeme numwo muri kahise yigeze aja kurondera [ic’abubu bita ku Draga]. Nduwimana avuga ko uko vyagenda, ngo uko ari babiri bisanga bamaze kwinjira mu rukundo batabizi.

Nduwimana Mugani Desire yabwiye ikinyamakuru Jimbere ko afise abana 6. Aba bana bose bakaba batabarizwa I Bujumbura, kuko hari ababarizwa ku mugabane wa buraya nk’uwo yavyaranye n’umuzungukazi, abo bavyaranye n’abanyarwandakazi, eka hakaba hari n’abo yavyaranye n’abarundikazi.

Nk’abandi bose Nduwimana Mugani Desire asanzwe aruhuka mw’ijoro akikangura mu gitondo kugira abandanya ibikorwa bitandukanye. Mugani akiryama ngo ico atibagira n’ugukura agahuzu, ariko akivyuka ngo ntiyigera yibagira kubanza gushimira umukama.

Naho kunywa bimaze kubonaka ko bitamugwa nabi, ariko no gufungura ngo navyo arahehera. Big Fizzo indya akunda gusumba izindi ngo n’ubugari kuko adashobora kumara igihe ataburiye, naho avuga ko bivana n’imboga biba vyagendanye.

Muri uno mwuga yahawe wo kuririmba, Big Fizzo avuga ko hano iwacu abamuRESPIRA ari abatabari bake barimwo abakera nka Nik Davy, Canco Hamissi, Kidum n’abandi. Ariko ngo n’abanyamahanga barimwo naho harimwo abamaze kwitaba Imana, 2 Pac Omar Shakur ngo niwe yatanguye kumubera icitegererezo, hakurikira abandi nka R Kelly.

Mugani yanavuze ku mpamvu adakunda kuririmbana n’ibihangange aho avuga ko imvo nyezina ar’uko aba ashaka gushigikira abakiri bato kugira aho we atashitse bo bikunze baze bahashika. Aha mukamenya ko ata muririmvyi w’igihangange amurusha izina barabasha kuririmbana muri kano karere.

Nduwimana Mugani Desire bamusavye kwibaza ikibazo akiyishura, yibajije igihe azohebera umuziki, yiyishura ko atazopfa ahevye, kuko n’igihe azoba yamaze gusezera isi azoheza akaja kuririmbana n’aba Malayika.

Ayandi makuru dufise kuri uno muririmvyi wacu nuko Nduwimana Mugani Desire asanzwe afise ubundi bwenegihugu bundi Atari ubw’Uburundi gusa. Ku makuru ya nyuma nuko uwo muririmvyi afise n’ubwenegihugu bw’ubufaransa, ubwo yaronse aho yarikumwe n’umuzungukazi bahuriye hano iwacu noneho baza kuronka umwana, banakunze cane gusangira Noheli n’ubunane kuko uwo mwana avuka yavutse mu mpera z’umwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776