BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Big Fizzo avuga ico abamwivye indirimbo bamusigiye

Big Fizzo yakuwe mu gacerere avuga ku ndirimbo zamwibwe zigashirwa ahabona atabazi, anavuga ico vyamuteye.

Mu gihe haheruka kwumvikana induru zitari nke z’umwe mu bihangange mu muziki ndundi avuga ku ndirimbo ziwe ziriko zirasohorwa batabanje kubija inama, Big Fizzo we kuva indirimbo ziwe zisohoka atabizi umengo yaciye aja mu gacerere.

Mu kiyago yagiranye na DJ Fanny, uwo muririmvyi w’igihangange hano iwacu, yabajijwe nimbi yoba ataramenya abamusohoreye indirimbo igihe yari mu mahanga. Yishuye ko abakoze ayo mahano yabamenye, ariko ngo ico batazi nuko bamuhaye inguvu zitari nke.

Ivyo vyabaye bikaba biri mu vyatumye uruhererekane yoshize ahabona muri uku kwa 2, ngo ahindura akazorushira ahabona nko mu kwezi kwa 4.

Big Fizzo yanabajijwe nimba hari indirimbo yakoranye n’abandi baririmvyi bo mu karere, yishura ko zuzuye ariko arindiriye ko zishirwa ahabona. Murizo akavuga izo yakoranye na Nay wamitego, Jide jaydee,  Jux n’abandi ngo ariko akirindiriye igihe kigere ngo ashire ahabona izo ndirimbo.

Mugani Desire benshi bazi nka Big Fizzo akaba gushika ubu hakirindiriwe indirimbo yiwe izosohoka imbere yuko hashirwa ahabona iyo ya Double Jay noneho ngo Kirikou nawe aheze akurikire. Mwokwibuka ko indirimbo ya nyuma iboneka ku rubuga rwa Vevo rw’uwo muririmvyi ari Iyomba, iyo ikaba imaze kurabwa incuro zirenga 85,000 kuri urwo rubuga mu mezi 2 gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775