BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo bwabundi yarasavye ikigongwe Drama t

Bwabundi ong Big Fizzo yarasavye ikigongwe Drama t kubera bimwe yavuga Kuri Status ya Whatsapp. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Drama t ubwiwe. 

Mu kiyago yagiranye na The Choice Live dans gihugu kibanyi c’Urwanda, Drama t yabanje gushikiriza ko ivyabonetse nkaho wari umutima mubi afitiwe Big Fizzo ngo bitarivyo na Gato.

Drame t yashikirije ko Big Fizzo ata Mutima mubi yabivuganye, kuko ngo Ari mu bamufashije Gutera imbere.

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi akaba yamenyesheje nayo ukwishurana, kutabayeho, ngo ata mwanya yari kuronkera Big Fizzo, kuko yariko agwana n’aba Diaspora batari bake Kandi ategerezwa kubumvikasha ko ata bibi yashatse kuvuga.

Nayo abajijwe ubucuti bwabo uko bwabandanije, uwo muririmvyi Wa Madam akaba yamenyesheje ko Big Fizzo yamusavye ikigongwe kuko ngo Atari kubicisha Kuri Status.

Nayo abajijwe ivy’amabanga ya Big Fizzo, uwo musore yaciye mu minwe yiwe, yavuze ko adashobora kuzomena amabanga ya Big Fizzo, kuko yamufashe ukuboko.

Ku batavyibuka, ico Big Fizzo yakoze akaba yagisabwe na benshi, nkuko nawe yari yagihanuye Drama t, kuko kubwa Fizzo, uwo musore yari yanyereye kuba Diaspora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 759