BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Big Fizzo kuri Facebook ngo aba akurikirwa n’abarenga 500,000

Urubuga rwa Facebook rwa Big Fizzo uno musi ngo ruba rukurikiranwa n’abarenga 500,000, iyo hataba ico kintu yakoze Kandi aticuza.

Muri Live Big Fizzo na Mista champagne baheruka kugira, bagarutse kw’ikoreshwa ry’imbuga hwaniro Social Media, basanzwe bakoresha muri kino gihe.

Yaba Big Fizzo yaba Mistachampagne bose bavuze ko baterekwa abantu Baja kuri izo mbuga zabo bakabatuka, ngo ico kuribo ntigikunda.

Big Fizzo muri ico kiyago, yavuze ko we kuri Facebook aravye abo amaze guhagarika (Block) ngo ubu aba akurikiranwa n’abarenga 500,000 mu gihe uno musi afise 250,000 gusa, akaba aza mu ba mbere bafise abantu benshi.

Big Fizzo ntiyaretse gutangazwa n’abantu bamutuka, ariko yabugarira bagaca Baja kuvuga ko yibona, kuko yabashize ku ruhande.

Big Fizzo akaba yaranatwengejwe cane na mugenziwe Lolilo, we atazi kurya umunwa, kuko ngo umutukiye kuri Facebook, we ntiyihangana ngo aca agusubiza aho nyene.

Muri iyo Live Mistachampagne nawe akaba yavuze ko we na Dj Pro ngo bugariwe na Lolilo, kuko ngo bariko baramuvuga ahantu.

ivy’iryo shirwa ku ruhande ryabo bakaba baribwiwe n’uwo muririmvyi nyene amuhamagaye kuri telephone.

Mwomenya ko Mista champagne na Big Fizzo bakurikiranywe n’abarenga 500 ikibiriraho muri ico kiyago bakoze camaze amasaha yababa 3.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775