BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo na Double Jay ntibabibona kumwe


Double Jay ngo hano iwacu nta numwe ahari yokwigirako, ivyo aheruka kubiyagira imwe mu mboneshakure za hano iwacu. Nayo Mugani we akavuga ko n’akabare akinjiramwo agiye gusuma urusaku, ngo amenye aho bigeze ivy’umuziki.

Muri ico kiyago yavuze ko we akiri muto, kandi ko agifise umwanya wo kwiyumvira. Nayo ngaha iwacu, uwo muririmvyi akomoka mu gisagara ca Gitega avuga ko hano iwacu atawe yorabirako ngo bikunde nawe abasheje kwandika indirimbo.

“Umuntu wese arafise droit yo kwiyumvira uko ashatse, gucommenta uko ashatse ikintu, ntushobora kumubuza. Ukuri nuko… Jewe nda crea cane my man, urumva ndacafise umutwe mutoya wo kiwyumvira cane, ivyiyumviro ni vyinshi cane muri uyu mutwe. Sinshobora gufata umwanya ngo ndiko ndarabe ngo naka yakoze uku, ngaha mu Burundi, Ahhh nononono…..” Double akaba yabivugiye kuri Micro ya Wakalight.

Double akaba muri ico kiyago yaranahakanye ko ataririmba nka Sat-b, eka kandi akaba yarigeze no kuvuga ko atanavyigeze. Ariko abamuzi aho hambere ataratera imbere, akaba yarasubiramwo ibimenyetso vyinshi bisanzwe bikoreshwa n’uwo muririmvyi akomoka muri zone ya Kanyosha.

Ico kiyago n’iyo mboneshakure, akaba yagikoze mu gihe Big Fizzo yaheruka kumenyesha ko kimwe mu bimujana mu nzu z’ubutambiro harimwo ikijanye n’ukuraba aho umuziki ugeze, kugira yumvirize ico nawe yokorako ubuheruka. Kuko ngo ico arico kibanza kiguha aho umuziki w’uno musi ugeze.

“Je ngiye mu kabare canke muri Boite, simba ngiye just kunywa kuko nozigura nkazinywera iwanje, ariko mba ngiye kuraba aho umuziki ugeze. Kuko kenshi harya muma boite niho uhora ubona iyo bashizemwo indirimbo, urashobora kubona abantu baba babirewe canke bari baryamye bahagurukiye rimwe bariko batamba iyo ndirimbo. So nawe ufise ubwenge uca uvuga ooh, kuberiki jewe ntokora indirimbo ifise rythme nkiyo,…., bon bivana na strategie zabo. Kenshi iyo jewe ngiye muri Boite mba ngiye kuraba ivyo abantu bakunda, ko nobagirira umudiho usa n’uwo.” Ivyo nawe akaba yaheruka kubiyagira bagenzi bacu ba Bujahit.

Big Fizzo akaba mu myaka yaheze yari yanamenyesheje ko imbere yuko asohora indirimbo ngo abanza kwanza kwitonda akabanza kwanza kwumviriza indirimbo z’abandi baririmvyi ndundi, kugira arabe ico yokora gitandukanye n’abo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775