BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Big Fizzo na Drama t bagiye guhurira I Kigali mu biteramo 

Drama t amaze imisi yagize Kigali muhira ha Kabiri aheruka gushirwa mu gitigiri c’abaririmvyi bazoboneka mu giteramo citiriwe Ally soudy & Friends.

Ico giteramo kizobonekamwo abaririmvyi batari bake barimwo na Bruce Melodie agize imisi akunzwe cane mu Rwanda, kikazoba mu kwezi kw’8, igenekerezo rya 5.

Ico giteramo kikaba kibonetse inyuma y’ugukundwa cane n’abanya Kigali, akanizerwa gose n’abaririmvyi batari bake ngo abafashe kwagura imbibe biciye mu bikorwa bokorana. Iya nyuma ikaba Ari Pyramid Tata yakoranye na Kevin Kade.

Drama t akaba muri izo ndirimbo ziwe n’izo akorana n’abandi, nyinshi ziriko zikorerwa I Burundi, nkuko vyabonetse Kuri Pyramid Tata, bavuze ko baronse ibirenze ivyo bari biteze.

Ibitandukanye na Alvin Smith, we avuga ko gushika ubu ngo abahinyanyuzi b’abarundi hataragera ko bashikira ab’abanyarwanda nkuko aheruka kuvyandika ku rubuga rwiwe rwa Twitter.

Hampande ya Drama t na Big Fizzo nawe nyene agiye kuzoboneka I Kigali mu biteramo vyateguwe na Hill Festival, bizoba igenekerezo rya 4-5/8.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758