BurundiDiasporaEntertainmenthomepagekirundi

Abongereza n’abo bakaba barakweze Fortran Bigirimana 

Abari mu bwongereza n’abo ngo bagiye kubona umuririmvyi Fortran Bigirimana, kuko yahamagawe kuhakorera igiteramo.

Nkuko twabashije kubibona ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Fortran Bigirimana, agiye kuzokwitabira ubutumire yahawe na Zion Temple yo ku gihugu c’ubwongereza.

Ico giteramo kikazoba Kuri uyu wa 29/7, ukwinjira akazoba Ari Ubuntu. Amasaha yo gutangura akazoba Ari isaha cumi na zibiri z’umuhingamo.

Fortran muri uyu mwaka ibiteramo akaba Ari urutavanako, muri uku kwezi Kwa 6 akaba yari yatumiwe muri Denmark muri Zion Temple nyene, mu gikorane cari gihari.

Mu mezi aheze Kandi akaba yarakubitiye muri Afrika, aho yakoreye ibiteramo mu Rwanda, hamwe no kugendera igihugu ciwe c’amavukiro.

Ku musi wa gatandatu uheze, akaba yari yakiriye bagenziwe b’abanyarwanda James na Daniella, aho bari baramutse bakorera igiteramo I Lyon mu Bufaransa.

Nayo ku kwezi Kwa 9, akaba azoba Ari muri Amerika, aho azokorera muri Amerika neza neza Maine, hamwe no muri Canada neza neza muri Montreal na Ottawa

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764