Burundihomepagekirundi

Nelly Nat akaba aratsinze urugamba rwamuhuza n’icababa ca Mbere ca Miss Burundi 2023. 

Mu misi iheze, aho umwigeme Ngabirano Belle Ange Edissa yafashe ikibanza c’icababa ca 1 ca Miss Burundi, ariko Kandi akaba na Miss Ngoma, yashira ahabona izina ry’umugambi wiwe agiye gukora, Nelly Nat yabaheye gasopo ngo bakinire ahandi, Atari kw’izina ry’umugambi agiye gukora.

Uwo mwigeme azwiko kutorohereza abaririmvyi batandukanye, yerekanye ko uwo mugambi wa Miss Belle Ange Ufise izina risa n’iry’umugambi wiwe.

Ico gihe Nelly yaciye asaba ko hohindurwa izina ry’uwo mugambi, anerekana Kuri Stories ya Whatsapp yiwe ko banabiganiriye n’abariko baramufasha gutegura uwo mugambi, Kandi anavuga ko bamwijeje kubihindura.

Yanditse agira ati : ” iyi titre muze muyihindure kuko Project yanje, ifise titre iyo nyene, Kandi na Lancement yayo yarabaye devabt la Press, en plus ninayo Project BHB bashigikiye, ninayo Project iriko itegurwa mw’ireresi documentaire, ninayo Project twatanze muri Paeej. Murabe muhindure izina, kuko aho nshobora kubashira mu Butungane.”

Nelly Kuri Status ya WhatsApp, yongera ashirako ifoto yerekana igice gito c’uwo mugambi wiwe, ashirako amajambo agira ati:” Aha sinkubesha muhindure titre ziriho ziruzuye. Ahubwo ni sawa kubera mubigize avant Lancement yanyu.”

Uwo musi nyene, Miss Belle Ange Akoresheje Twitter, yari yashize ahabona Cover yo gutumirira abantu kuzoja kumufata mu mugongo mw’itanguzwa ry’ico gikorwa, ryabaye Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 22/7 I Gitega.

Ubutumwa bwaherekeje ishirwa habona ry’ubwo butumire, yavuze ko akanyamuneza Ari kose kuba Ari Umurundikazi, ariko ngo gukora Ibishoboka vyose ngo igihugu kigume gisa neza, navyo ni itegeko kuriwe.

Umusi umwe canke 2 imbere Yuko ashira ahabona uwo mugambi wiwe, hakaba haciye hahindurwa ya titre nka kumwe wa munyarusaku Nelly yabisaba.

Uwo mugambi ukaba ubu wahawe akazina ka ” Burundi Sain”, akajambo kavuye mu civugo caherekeje uwo mugambi, mu gihe ubwa mbere witwa ” Burundi Bwacu Bwiza.”

Nkuko yama ntiyaretse kugira ico avuze Kuri ico gikorwa cakoretse, kuko Nelly yasubiye kwandika amubwira ko azoja kumushigikira, Kandi anamushimira ko batahuranye.

Yanditse agira ngo :” Ja Imbere, hanyuma nzoza kubashigikira, Imana ibahezagire. Twarayaze, yarantahuye, Imana imumpere imigisha, ntumirire aba Jeune b’i Gitega kuja kumushigikira.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 748