BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Big Fizzo na Olegue ntibavuga rumwe ku kibazo c’ama Hit

Umukambwe muri uno muziki ndundi, Big fizzo ntahuriza n’umwana acaruka Olegue benshi bazi nka Delegue General ku kibazo c’uburyo indirimbo zizokundwa zikorwa. Ivyo bakaba baheru kubivugira mu kiganiro umukubito.

Muri ico Kiganiro, Olegue yavuze ko indirimbo we iyo aja kuzikora ngo ntahusha, kuko asanzwe ari urwego. Ngo aba avyiyumvamwo nkuko yabandanije abishikiriza muri ico kiganiro nyene.

Uwo muririmvyi ntiyabihurijeko na Big Fizzo kuko we abona ko hari ibintu bitari bike bitegerezwa kuba Bihari kugira iyo ndirimbo ibashe kumenyekana. Aho akaba avuga nk’ugukora can, hamwe n’uburyo abantu bayakiriye, ariko kandi ngo biravana n’igihe iyo ndirimbo yasohokeyemwo.

Big Fizzo yagize ati : “Bivana n’umwanya usohoreyeko ico kintu, kuko hari igihe ushobora gukora indirimbo y’inkoramutima, ugasanga bayakiriye ukundi. Biba birimwo gukora cane, n’amahutamwo y’abantu. Iyo umuririmvyi ari muri Studio, aba avuga ati iyi ndirimbo izoba hit, mugabo ugaca usanga abantu bayakiriye ukundi.”

Aha mukamenya ko ico kibazo c’uburyo  indirimbo zishobora gukunda, zikamenyekana cane bidahurizwako na bose, kuko bamwe bavuga ibi abandi bakavuga ibindi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776