BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo na Sat-b mu baririmvyi 10 bakomeje umuziki wa hano iwacu

Abaririmvyi 2 b’abarundi nibo baguma bagaruka cane mu gitigiri c’abaririmvyi 10 bakomeje umuziki wa hano iwacu kuva mu mwaka wa 2000 gushika muri uno mwaka.

ku kibazo c’abaririmvyi 10 bateje imbere umuziki wa hano iwacu, cabajijwe na Bacumi Jackson azwi cane nka Dj Jackson, ku rubuga rwiwe rwa Facebook, uwo mugabo yishuwe n’abatari bake haguma hagaruka amazina atandukanye y’abaririmvyi.

Mu mazina yavuzwe, amazina abiri Big Fizzo hamwe na Sat-b nibo bagumye bagarukwako cane, Aho Bose bahuriza kuko Bose bakoze ibikomeye muri uno muziki wa hano iwacu.

Hampande yabo hakaba habonetsemwo amazina y’abandi baririmvyi nka Kidum, Double Jay, Soso K, Steven Sogo, Natacha, Fortran Bigirimana, Fabrice Heavenly Melodies, n’abandi batari bake.

Abo baririmvyi bakaba bagarutsweko mu gihe bari mu gitigiri c’abadacana uwaka, ariko Kandi uko Ari 2 igihe cose bakoranye bakoze ibikorwa vyaryoheye abatari bake.

Nawe izina ubona ryozamwo ni nk’irihe?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775