BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Big Fizzo ngo imbere y’urwo rubatse ngo yarigeze kwubaka urundi rwamaze igihe kitari gito

Big Fizzo ngo kwemera gushira umupfasoni mu nzu ngo biva ku bintu 3, ishaka ukwizera n’ubushake kandi n’ingingo buri muntu ategerezwa kwifatira wenyene ubwiwe. Kandi ngo s’umuririmvyi gusa naho bo bahura n’ibigeragezo vyinshi.

“N’ingingo wifatura, ntihagire uwuzokubesha. S’umuririmvyi gusa, nuko gusa umuririmvyi ahura n’ibigeragezo bitari bike, mugabo n’ingingo y’umuntu. Iyo ufashe ingingo uravga uti ibi ngira ndabireke, nje ku murongo.” Yabishikirije mu kiyago yagiriye muri Colombe Fm.

Ayo majambo y’inkoramutima, uwo muririmvyi yayashikirije mu kiganiro  aheruka kugirana na mugenzi wacu Juste Gael. Murico uwo muririmvyi yamenyesheje ko yaramaze kugira ubugeni, ngo ubugeni bwiwe bwamaze imyaka 10. Urwo rugo rukaba rushobora kuba ari urwo yubakanye n’umuzungu w’umufaransakazi, banaronka umwana w’umukobwa yakunda gushira ku mbuga ngurukanabumenyi mu myaka ya 2015, 2016 na 2017, ariko bikaba bidaherutse.

Yongeyeko ati : “Intambwe ni 3 mu buzima, hariho kuvuka, kurongora canke kurongorwa no gupfa.”

Mwokwibuka ko mu kiyago yagiranye na Jimbere Magazine, uwo muririmvyi yari yamenyesheje ko atigeze arsha umugore n’umwe, uretse uwo barikumwe, ahubwo ngo bose bama bisanga bari mu rukundo. S’ico gusa kuko uwo muririmvyi yanamenyesheje muri ico kiganiro nyene ko afise abana 6, ariko abajijwe abagore, ntiyashima kuvuga igitigiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776