BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Big Fizzo ngo n’abandi nibatumirwe

Uno musi impari ntizibuze ku buryo ibiteramo Big Fizzo aheruka gukorera ku mugabane wa buraya vyagenze, ariko kubwiwe ngo ibiteramo vyagenze neza cane.

Mu kiganiro na bagenzi bacu, Big Fizzo yavuze ko ku mugabane w’Uburayi abantu bari benshi, Kandi baryohewe. ikimenyamemya ngo n’uko aho yakoreye hose batipfuza ko ava kuri Stage.

Big Fizzo akaba avuga ko naho anezerwa yatumiwe muri ivyo biteramo, ngo anipfuza ko abamutumira botumira n’abandi nabo.

Mugani naho abasabira gutumira, akaba avuga ko ivyo navyo bifise Ico bifatirwako. Muvyo yashikirije muri ico kiganiro na Akeza Webtv, yavuze ko bisaba ibikorwa, ariko Kandi bigasaba kutadebukirwa, Aho abasaba gukora bagasubira bagakora gushika bashikiriwe.

Big Fizzo akaba abishikirije inyuma y’ukugaruka mu gihugu avuye ku mugabane wa buraya aho yakoze ibiteramo bitari bike, birimwo ico yakoreye muri Norvege, Mu bufaransa, no mu bubirigi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775