BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

BIG Fizzo ngo ntibaje muri Nanje Ndaririmba barondera gutsinda gusa

Nanje Ndaririmba ihiganwa ritegurwa n’ikinyamakuru Isanamu Media ifadikanije na Bantu Bwoy na Kuzamuziki ryatanguye guhamagarira abaririmvyi kuja kwiyandikisha muri iryo higanwa rizoba ribaye ubugira kabiri.

Mu kiganiro Big Fizzo aheruka guha ico kinyamakuru ku gisata Cabo c’abakorera ku mugabane w’Uburayi, ahamagarira abaririmvyi bafise Ingabire kuja kwiyandikisha

Muri ubwo butumwa, Big Fizzo ahamagarira abazohiganwa kutagenda barondera intsinzi, ahubwo ngo barondera kwerekana Ingabire zabo, uwo muririmvyi akaba n’umwe mu bafatanije na Isanamu Media muri iryo higanwa akaba yanashikirije ko yiteguye gushigikira abazotsinda.

Ubwo butumwa Big Fizzo akaba abishikirije mu gihe umutambukanyi wiwe Ari Hano iwacu, ariko we akiri ku mugabane w’Uburayi, Aho ariko akorera ibikorwa vy’umuziki, bikaba binavugwa ko afise n’igiteramo ku mugabane wa Amerika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775