BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo ngo yariko arapima Kirikou

Mu gihe amaze imisi asohoye indirimbo yiwe nshasha yise “My Story”, kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu cashatse kumenya nimba uwo muririmvyi agiye kuza arasohora indirimbo nk’abandi canke nimba azobandanya arindirizwa gushika aronse akanya ko gusohora.

Muri ico kiganiro yahaye Isaac Tv, Kirikou yavuze ko agiye kuza arashira ahabona indirimbo buri gihe nk’abandi baririmvyi bari muri Bantu Bwoy, ivyo ngo ni kubera bamaze kubona ko ashoboye gufatanya amashure hamwe n’akazi k’umuziki, kanatsinda ngo no ku mashure vyifashe neza.

“Bon novuga ko wahora uba nko mwi barabara, biragoye umuntu agutoye, kugira agufashe, abanza kukwereka kwanza ati ico ashatse kugufasha, iyo mpano ko atariyo nyamukuru, mubisanzwe yabisigura kurya kuberako kwari nko kumpima kwanza, kubera urabizi kenshi abantu tuba twavuye mwi barabara tuba tuzwi ukundi, muga rero mu gihe ko n’ishuri ndabifatanya kandi vyose no kwishure bigenda neza, ubu nzosohora kandi nyinshi cane, gusumba n’izo nahora nkora.”

Ivyo akaba abishikirije mu gihe abantu bahora bavuga ko uwo muririmvyi atariko arasigwa inyuma na Bantu Bwoy mu kutamusohorera indirimbo, ari Bantu Bwoy nabo nabo bakavuga ko igituma ariko uko uwo muririmvyi ari kw’ishure, ngo igihe nicagera azoheza asohorerwe indirimbo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775