BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo yabwiye Bobona areke amajambo ahubwo bakore umuziki

Ivyavuzwe ko Big Fizzo yibagiye Mudibu muri Quiz yakozwe kuri imwe mu mboneshakure za hano, ngo sivyo na gato. Uwo muririmvyi avuga ko hoba habaye umwumvikano hagati yiwe n’umumenyeshamakuru ngo baryoshe ikiganiro.

Mu kiganiro yagiranye na Landry Promoter, Big Fizzo yavuze ko ababivuze batazi ivyo bavuga, kuko ngo nta kuntu yari kwibagira uwamwakiriye mu bwongereza aho yagenda gukorerayo ibiteramo.

Ivyo akaba abishikirije inyuma yaho Bobona amenyeshereje ko Big Fizzo yavyigirishije kuko atokwibagira Mudibu nivyo yamufashije. S’ico gusa kuko yanavuze ko Big Fizzo atarakwiye kumwiryako kuko ata n’agace gatoya k’uburyo Mudibu aserukira u Burundi mu makungu arashikana.

Muri ico kiganiro nyene Mugani yagirije Bobona kuba atariko arakora muri kino gihe, ngo nareke amajambo noneho akore umuziki bagerageze guteza imbere umuziki ndundi.

Bikaba rero bigoye kwemeza ko Big Fizzo yoba yarabiganiriye n’umumenyeshamakuru wo muri Siren Vibe kugira bakore ico kiganiro, canke yoba yaravyibagiye koko.

Mudibu avurwa akaba ari umuririmvyi akomeye w’umurundi abarizwa mu gihugu c’Ubwongereza aho amaze igihe kitari gito. Mudibu akaba amaze gukora indirimbo zitari nke zirimwo izo mu Kirundi n’iziri mu congereza. Mudibu akaba kandi amaze gukora ibiteramo bitari bike co kimwe n’amasabukuru akomakomeye kw’isi haba Ku mugabane wa Buraya canke Ku mugabane wa Amerika

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775