BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo yadugijwe ipete na Kirikou Akilii

“Ndashimiye n’umutima wanje wose umuryango wa Bantu Bwoy n’ishirahamwe EDDIB ku masezerano mwakoze kubwanje nk’umuririmvyi kandi no ku mfashanyo y’ukurihigwa amashure mu kiringo c’imyaka 2. Big Fizzo iyo hataba ukunshigikira kwawe ibi vyose ntivyari kuhaba. Murakoze.”  Ayo n’amajambo yashikirijwe na Kirikou ubwiwe abicishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Ivyo akaba yabishikirije inyuma yaho amashirahamwe 2 Bantu bwoy na EDDIB bashiriye umukono ku masezerano aho rimwe muriyo, EDDIB, rizoshigikira uwo muririmvyi AKili mu kiringo c’imyaka 2 mu kumurihira amashure.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe uwo muririmvyi Kirikou yarasanzwe ari musi y’uburongozi bwa Bantu bwoy, kandi amakuru yarahari yavuga ko aribo bamumenye ibijanye n’amashure, nayo ku kijanye n’uburaro n’ibiribwa bikaba vyavurwa ko vyafashwe mu ntoke n’uwitwa OSCAR asanzwe afise iduka ridandarizwamwo impuzu mu gisagara hagati ca Bujumbura.

Kirikou akaba atashimiye Big Fizzo wenyene kuko n’umutambukanyi wa Mugani nawe yashimiwe n’uwo mwana akiri muto muri uno muziki wacu, ariko akozweko Mugani umutima uca usimba nkuko duheruka kubibona ku mbuga ngurukanabumenyi kubera inkuru yari yanditswe ivugwamwo Kirikou.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775