BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Big Fizzo yagabanije Igitigiri c’aba Star dufise hano iwacu

Mu gihe muri ino misi ibijanye n’ukuba Umu Star Ari kimwe mu bibazo bikomeye mu gisata c’umuziki, Big Fizzo we yavuze ico we abona kuri uwo muce.

Uwo muririmvyi akaba abona ko hari urugero rw’ama Hit utegerezwa kuba umaze gushikako imbere yuko uja mu gitigiri c’aba Star isi ifise.

Uwo muririmvyi aheruka kuganuka avuye mu bikorwa ku mugabane wa buraya, avuga ko kubwiwe ama Hit atarashika 20, ngo ntaco uba urakora, Kandi kubwiwe ngo kugira umuririmvyi amwemeze amurindira imyaka iri hagati y’5 na 10, ico gihe ngo niho uba umaze kwerekana ico ushoboye.

Big Fizzo akaba yavuze Kandi ko kuba umaze kuba hit kuri radio 1, canke Quartier 1 bidasugura ko uri umu Star. kubwiwe ngo Indirimbo zawe zimaze kumenyekana iwacu, no mu bihugu duhana imbibe, Aho niho na mitende wovuga ko umaze kuja mu gitigiri c’aba Star.

Big Fizzo ntiyaretse Kandi no kuvuga ko kuba mu Kibanza ca 1 atarico kimuraje ishinga, ahubwo ngo kuba Ari mu gitigiri ca 10 ba mbere arico ariko ararwanira.

Big Fizzo akaba yabishikirije mu gihe yariko yishura ibibazo mu kiganiro Cari catunganijwe ngo havugwe ivya Festival de l’independance iriko irategurwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775