BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Big Fizzo yagirijwe kwica umuntu, kandi akiri muzima

Big Fizzo ngo ntazofatwa mw’ishati na nyene indirimbo yasubiyemwo kandi atabiherewe uruhusha, ariko ubutungane bwo buzomukurikirana.

Mu kiganiro na Amanda, Ciza Sylvestre, umukukuruke mu mwuga w’ubwigisha, ariko kandi akaba umwanditsi n’umuririmvyi akomeye Uburundi bufise, yavuze ko agereranya Big Fizzo n’igisuma c’impuzu. Igituma, ngo nuko uwiba Impuzu atiba izaheze canke izo atashimye, ahubwo ngo yiba kamwe abantu bose babona bagatamarirwa.

Ciza Sylvestre ngo ikimubabaza s’uko basubiyemwo indirimbo, ahubwo ngo nuko uwayisubiyemwo yabanje kumwica, mukwandika ko ari mu ntumbero yo kwibuka uwatavye Imana, noneho akagirako akayicisha amafaranga, agatunga umuryango wiwe ariwe nta muhe n’urukoroka.

BigFizzo ngo ari uwitegura, ngo niyitegure kuja imbere y’ubutungane, kuko ngo bitebe biteguke azobibazwa ivy’iyo ndirimbo yaririmvye, akanayihindurira izina ayiha irindi zina kandi yitwa Sangwe rukundo.

Aha mukamenya ko BigFizzo ari nka hamwe acishijwe imbere y’ubutungane, atazoba ari irya mbere kuko mu mwaka wa 2013 yigeze kurengutswa abazwa ivy’igiteramo yari yarishwe ariko ntiyabasha kucitabira. Ico gihe akaba yari yarishwe na bamwe mu basanzwe bakorera ikigo Forever Living Products.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799