BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo yagirizwa ibintu bimwe na Chameleon co kimwe na Diamond

Ukugara ngo kwoba arikwo gutuma Big Fizzo atabasha gukorana indirimbo n’ibihangange vyo muri kano karere uburundi burimwo.

Ibura ry’ugukorana indirimbo kwa Big Fizzo n’ibihangange bikomeye muri afrika y’ubuseruko nka Diamond canke Chameleon vyoba biva kuri Big Fizzo ubwiwe dufatiye kuri abo baririmvyi ubwabo.

Ivyo tukaba tubifatiye mu biganiro abo baririmvyi uko ari 2, Diamond na Chameleon bakoze n’abamenyeshamakuru aho bari baramutse baza I Bujumbura mu biteramo.

Diamond abazwa n’abamenyeshamakuru ko batokorana indirimbo na Big Fizzo, yavuze ko we imiryango yuguruye, arindiriye ko yotera intambwe ngo baririmbane. Nayo Big Fizzo we akaba atemeje canke ngo ahakane ko atabishaka, ariko akavuga ko bishobotse bazobikora.

Chameleon we akaba yari yataye iryo kosa ry’ibura ry’indirimbo yabo ari 2 kuri Big Fizzo aho yavuga ko yibona cane ngo adashaka ko bakorana indirimbo, kandi ngo ari akaryo keza ko kugira abashe kumenyekana.

Mwomenya ko Diamond yashimiye Lolilo mu Baririmvyi ndundi kuko ngo ari umuririmvyi azi kwiyegereza abandi, aho akabahanura nabo kugira nkawe ngo bikunde ibintu bizogende neza gusumba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775