BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo yahinduye umukenyuro ku bana biwe

Mu gihe Big Fizzo ari mu baririmvyi bavurwa kuba bafise abana benshi, uwo muririmvyi uko umwaka utashe yerekana mushasha abantu baba batazi.

Mu mwaka uheze, hamenyekanye Nikita Mugani umwana yavyaranye n’umunyarwandakazi, uwo mwigeme ubu akaba ari inkumi igeze mu bigero.

Kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 1/2, uwo muririmvyi abarizwa i burayi muri ino misi akaba yerekanye uwundi mwana wiwe mu kumwipfurije isabukuru Nziza.

Uwo mwana w’umukobwa nawe ageze mu bigero, akaba yamenyekanye kw’izina rya Thiarra Keza. Akaba nawe Avuka ku munyarwandakazi yabaye hano iwacu, ariko ubu abarizwa mu gisagara ca Kigali.

Uwo mwana w’umukobwa akaba aje gukwiza abana ba 4 bamaze gushirwa ku mugaragaro na Big Fizzo ubwiwe, abo nabo akaba ari Tresor Mugani imfura yiwe, Keza Thiarra, Mugani Nikita, Ziya yavyaranye b’umuzungu, hamwe na Eden yavyaranye na Manager Stein.

Naho uwo muririmvyi ashirwa mu baririmvyi barondotse, hakaba hakiri n’abandi bavuga ko ari abana b’uwo muririmvyi. Akarorero ni nk’umwana aheruka gukora ikiganiro i Kigali avuga ko umuvyeyi wiwe yapfuye amubwiye ko se ari Big Fariouz.

Abo bana bose akaba ata mwana n’umwe asangiye Nyina n’uwundi, Kandi akaba ari abana bose bavutse uwo muririmvyi akiri umusore.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775