BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Big Fizzo yavuze ico umwana n’urubanza rw’ubugeni vyahinduye

Ugukora ubugeni, hamwe n’uguca aronka umwana muri ino misi, Big Fizzo avuga ko hari ico vyamuhinduriye muri gahunda yarafise.

Big fizzo ngo agiye kuzokorera igiteramo i Kigali hamwe n’ i Bujumbura mu kugira ashire ahabona urukurikirane rushasha rw’indirimbo.

Izo ndirimbo atabashije kuvuga igitigiri cazo, avuga ko zizoba ziri mu rukurikiirane yise Desideratus, urwo rukazoja ahabona imbere y’ukwezi kwa 4.

Mu kiyago yagiranye na’ikinyamakuru Nyarwanda, avuga ko yanse kuyishira ahabona ubu mu kwezi kwa kabiri kubera imanza zirimwo urw’ubugeni yakoze, hamwe n’ivuka ry’umwana wiwe w’umukobwa.

Aho ni mu gihe yaheruka kuganira n’ikindi kinyamakuru caha iwacu avuga ko izo ndirimbo zitagiye ahabona kubera iziraho zasohowe atatanze uruhusha, kandi zisohorwa n’umuntu atari abifitiye uruhusha.

Mwomenya ko Big Fizzo muri ico kiganiro nyene Big Fizzo avuga ko ata mugambi afise wo gusubira kuja kuba ku mugabane wa Buraya kuko aha iwacu ibintu biriko bigenda neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775