BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo yavuze ko ata gahunda afise yo kwipimisha umugera wa SIDA

Abipimisha umugera ngo n’abafise ivyo bikeka, Big Fizzo we ngo nta gahunda afise yo kwipimisha kuko ntazi kunuranura.

Nta mugambi afise wo kuja kwipimisha umugera wa SIDA, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Big Fizzo ubwiwe, mu kiganiro yahaye imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Big Fizzo yavuze ko we ataco yiyagiriza kugira aje kwipimisha, ngo uwuja kwipimisha n’uwuba afise ico yiyotsa. Big Fizzo yavuze ko we atazi kunuranura ngo nico gituma yiyemera ko akomeye.

Muri ico kiganiro na Bujahit, uwo muririmvyi wa Tigita yavuze ko afise abana batari bake, abo benshi bazi akaba ari umutambukanyi wiwe w’ubu, umuzungukazi bavyaranye umwana w’umukobwa hamwe n’umunyarwandakazi bavyaranye umwana yitwa Keza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775