BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Big fizzo yavuze ku mubano wiwe na Sat-b

Naho hagize igihe haboneka umengo hariho ugufatana mu mugongo hagati ya Sat-b na Big Fizzo, Big we avuga ko badaherutse no kwandikiranira.

Mu gihe hagize igihe haboneka ko hoba hari ugufata mu nda hagati ya Big Fizzo na Sat-b, Big Fizzo yahavuye yishure kuri ubwo bufatanye buboneka muri ino misi kandi umengo ntabwahahora.

Mu kiyago yagiranye Indundi Tv, Big Fizzo yabajijwe nimba aheruka kuvugana na Sat-b, avuga ko haheze igihe batandikiranira.

Nayo ku kibazo c’ukwo gufatanya, avuga ko atacobuza badafatana mu nda hagati y’abaririmvyi kuko ngo arivyo bituma batezanya imbere.

Big Fizzo yanongeyeko ko bidasobanura ko bategerezwa kuguma bayaga buri kanya, kuko buri wese aba afise ubuzima bwiwe ategerezwa kwiruka inyuma.

Abajijwe uko vyari mu mwaka wa 2014 aho wamengo n’ipata n’urugi, Big Fizzo avuga ko ico gihe bari bafise igikorwa bari basangiye, ico naco akaba yari igikorwa ca Primusic.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe abakunzi b’abo baririmvyi, ku mbuga ngurukanabumenyi bama bahanganye iyo hadutse ivy’abo baririmvyi. Abo nyene akaba ari nabo bama bavuga ko hariho ikibazo hagati yabo, ariko bo bakavuga ko ata kibazo bafitanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775