BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Big Fizzo yavuze kuvyo ariko arapfa n’amashiramwe amwe amwe

Big Fizzo aremeza ko amashirahamwe atandukanye ya hano iwacu, amaze kubona ko bakeneye abaririmvyi ku kibazo c’ukumenyekanisha ibintu vyabo.

Big fizzo ngo ntagiye gusubira kuja kuba i Burayi, kanatsina ngo muri kino gihe ikijanye n’agafaranga ntiyidoga, kuko n’amashirahamwe atanguye kumurondera ngo bakorane ibikorwa.

Uburayi ngo ntibwamuhaye amafaranga gusa, ariko ngo bwanamuhaye ubumenyi. Iyo akaba ari inyishu yishuye aho yabazwa n’ikinyamakuru co mu gihugu kibanyi nimba atazosubira ku mugabane wa burayi kubayo

Big fizzo muri ico kiyago yavuze ko ku mugabane wa buraya azohora ajayo agiye mu karuhuko gusa. Tukizera ko azonakubitirayo ari abamuhamagaye mu giteramo, naho atabaherutse.

Big Fizzo ntarya umunwa muri ico kiganiro aho avuga ko ibikorwa muri kino gihe bimeze neza, ngo amashirahamwe atandukanye ya hano iwacu aramaze kumwikorako ngo bakorane ibikorwa bijanye n’ukumenyekanisha ivyo bakora, ariko ngo agafaranga niko batarumvikanako neza.

Big akaba umwe mu baririmvyi bake hano iwacu babasha guhamagarwa n’amashirahamwe ngo abashe kubamenyekanishiriza ibintu. Abandi bazwi bamaze gukorana n’amashirahamwe  hari Black G yakoreshejwe na Smart hamwe na Sat-b yamusubiriye muri ico kibanza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775