BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo yavuze uburyo Chameleon yamufashije

Big Fizzo na Dr Jose Chameleon ngo baragoranywe igihe kitari gito.

Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Big Fizzo ubwiwe aho yari muri kimwe mu biganiro vy’umuziki hano iwacu.

Muri ico kiyago, uwo muririmvyi, yavuze ko igihe yaja muri Kenya kurondera Kidum ngo amushigikire, yabanje guca muri Uganda, noneho yibwa ivyangombwa n’amafaranga, ariko ahakurwa na Chameleon, ari nawe yamufashije kwinjira mu gihugu ca Kenya.

Abajijwe nimba hari indirimbo boba bafitanye iriko irategurwa, uwo muririmvyi avuga ko ukwo gushaka guhari haheze imyaka itari mike. Ariko ikibazo ngo nuko bama basanga umwanya wabo udahura, iyo bahuye naho ngo bakaba batabura akantu kabaciramwo, ariko ukwo gushaka kwo ngo kurahari.

Mugani akaba ariwe muririmvyi w’umurundi asa nk’uwuboneka ko ugushaka kurondera ibihangange muri kano karere ngo bakorane, atavyihutisha cane, kuko kubwiwe ngo araba ico azomumarira.

Mwokwibuka ko hari indirimbo za Big Fizzo n’abaririmvyi nka Lady Jaydee, Jux bivurwa ko zibitswe hataragera ko zishirwa ahabona, abantu bakaba badasiba kuzisaba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775