BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo yavuze uko yahatswe gufatwa ku nguvu

Big Fizzo ngo yahakuwe n’inguvu ziwe, nayahandi yarrafashwe ku nguvu, ariko ntiyashimye kuvuga uwaramufashe ku nguvu hamwe n’igihugu vyabereyemwo.

Mugani Desiré benshi bazi nka Big Fizzo nawe ngo aramaze guhura n’ikibazo c’ugushaka gufatwa ku nguvu nk’uko aheruka kubiyagira bagenzi bacu.

Mu kiyago aheruka kugirana n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu, Mugani ntiyashimye kuvuga igihe vyabereye, ikibanza n’uwashatse kumwonona, ariko yavuze ko ugushaka kumufata ku nguvu vyabaye mu gihe yari mu gikorwa c’ukuririmba.

Muvyo yabashije gushikiriza kuri Buja Hit Tv yaravuze ibihugu 2, aho avuga ko bamutumiye kuririmba, noneho ngo abantu baca bashaka gukora ivyo batari bumvikanye, ariko basanga nawe abasumvya inguvu.

Uwo muririmvyi akaba azwiko kuba umwe mu barundi bakora cane kandi banatumirwa mu biteramo mu bihugu bitandukanye birwiriyemwo abarundi co kimwe n’abanyarwanda, aho tukavuga ibihugu bigize umugabane wa Buraya, Amerika, hamwe na Canada, co kimwe n’igihugu ca Afrika y’epfo, utanibagiye Congo, Urwanda n’Ubugande.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775