BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Big Fizzo yoba agiye kugarukanwa

Big Fizzo ngo yoba agiye kuzanwa? Ico Nico kibazo umuntu yibaza amaze kubona ivyo umwe mu begereye uwo muririmvyi yanditse ku rubuga rwa Instagram na Facebook asanzwe akoresha.

Kuri izo Mbuga, Yassin asanzwe akurikiranira hafi cane ivya Mugani Desire, yanditse ko Manager wa Mugani Desire akaba n’umutambukanyi wiwe, ngo yamaze gusubira mu butariyano.

Mu bimujanye I buzungu, ngo kwoba Ari ukuzana Big Fizzo amazeyo igihe kitari gito.

Ivy’uwo muzo wa Big Fizzo bikaba bitari vyitezwe, naho hari igiteramo ca hano iwacu, yitezwemwo mu ntango z’ukwezi kw’7.

Uwo muririmvyi niyagarukana n’umutambukanyi wiwe akaba kandi na Manager wiwe akaba azoba avuye kuri uwo mugabane akoze ibiteramo bitari bike, harimwo n’ivyo yasibijwe.

Naho yakoze ibitari bike, uwo muririmvyi ngo yoba ariko aranategurirwa n’ikindi ku mugabane wa Amerika, naho hataramenyekana neza umusi n’isaha.

Ikindi kizwi nuko Big Fizzo Kandi yakoreye Indirimbo zitari nke kuri uwo mugabane zirimwo iziwe co kimwe n’izo yafashije abandi.

Izo ndirimbo uwo muririmvyi yakoreye kuri uwo mugabane zikaba zitari Audio gusa, ahubwo hakaba harimwo n’amasanamu nkuko vyagiye bivugwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775