BurundiEntertainmentkirundimusic

Big Fizzo yubatse ru Kritsu na Edith Stein kw’isabukuru y’amavuko yiwe

Kuri uno wagatandatu igenekerezo rya25 Mukakaro2020 niho umuririmvyi Mugani Désiré azwi cane nka Big Fizzo yubaka ru kritsu n’umutambukanyi wiwe kimana Edith Stein.

Igenekerezo rya25 Mukakaro rikaba ari igenekerezo ry’isabukuru ry’amavuko y’umurimvyi Big Fizzo, ni naho uwo muririmvyi yashimye kwubaka rukistu n’uwusanzwe ari Manager wa Label ya Bantu Bwoy Entertainment Kimana Edith Stein basazwe bafitaniye umwana umwe w’umukobwa mukiringo c’umwaka bari bamaze bubatse imbere y’amategeko(Etat-civil) .

Kuri iryo genekerezo nyene Big Fizzo yashize ahabona amasanamu y’indirimbo “Ubusa” indirimbo irimwo ubutumwa bwishi kandi ibonekamwo amasanamu y’uwo mutambukanyi wiwe.

Nk’umukunzi w’umuziki ndundi wibazako ivyo vyose vyoba bivuze iki kuri Big Fizzo?

Indundi Magazine ikaba yipfurije uwo muririmvyi  ubugeni bwiza, ikifuriza urwo rugo kuba amakara ntibabe urubeya

https://www.youtube.com/watch?v=c6rWL02RNZM

What's your reaction?

Related Posts

1 of 587