BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

BigFizzo yaguye mu gahundwe abonye Lolilo aririmba adakoresheje CD

Big Fizzo ngo yaratangaye cane abonye Lolilo kuri Stage ariko aririmba Live, akabikora ku ndirimbo zitari nke. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Lolilo ubwiwe mu kiyago aheruka guha mugenzi wacu.

Ico gihe nkuko Lolilo abandanya abishikiriza ngo hari mu giteramo citabiriwe na Big Fizzo ubwiwe aho yahasanze Lolilo. Aho hakaba hari mu kamenge.

BigFizzo ngo yamubwiye ati : “Lolilo ikintu ukoze uno musi, sinari nzi ko uririmba gutya. Ndakwubaha kandi ndagukunda cane, iki kintu ukoze ntikizopfa kivuye mu mutima ntabwo narinzi ko uririmba Live, nabonye indirimbo ya 1, 2, 3, 4 gushika ku ndirimbo 12 uriko uririmba Live uranyemeje.”

Lolilo ntiyagarukiye ngaho kuko yamenyesheje ko nawe yaryohewe cane kuba uwo muririmvyi mugenzi yararyohewe kubera iyo ntambwe, ngo kubera ni gake cane aho umuririmvyi mugenzi wawe ashobora kwemera kwakira iyindi ntambwe uba uteye.

Mukamenya ko Big Fizzo we ukuririmba Live ari ibintu asanzwe amenyereye kubera mu biteramo bitari bike asanzwe aririmba Live utibagiye ama Karaoke atari make akunze kwitabira naho asanzwe akoresha Live band mu kuririmba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775