BurundiEntertainmentGospelhomepagekirundimusic

Bigirimana Fortan agiye guteramisha ababa Bruxelles

Inyuma y’igiteramo ca Big Fizzo I Bruxelles, ubu naho abazoba bari ku mugwa mukuru w’ububirigi mu kwezi kwa Kane bazokwakira Fortran Bigirimana.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, Fortran Bigirimana yavuze ko muri uku kwezi kwa Kane azoteramisha abazoba bari I Bruxelles. ico giteramo kikazoba kuwa 22/4.

Fortran yijeje kuzobabwira vyinshi kuri ico giteramo Vuba, ariko akaba yaciye agirako abatumirira kutazosiba muri ico gikorwa, ku baba I buruseri canke mu micungararo.

Fortran akaba asanzwe akorera akanaba n’umuryango wiwe mu bufaransa, neza neza I Lyon.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776