BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Bime Amatwi ya Lolilo ngo s’inyibano naho ari iya Yoya Jamal

Yoya Jamal ngo imbere yuko atangura kuririmba, yatanguye kwandikira indirimbo abatari bake mu baririmvyi hirya no hino. Ivyo nivyo uwo muririmvyi yamenyesheje mu kiyago yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi bamubajije abaririmvyi amaze kwandikira indirimbo, avuga ko adashobora kubavuga kuko ngo mu gihe batavyivugiye kuko bohava babona umengo n’ukwishira hejuru.

Ariko muri ico kiganiro yahavuye avugamwo indirimbo 1, iyo ndirimbo n’indirimbo Bime amatwi bizwi cane ko ari iya Lolilo, ariko vyukuri nkuko yabimenyesheje ngo n’iya Lolilo kuko yayiguze, ariko nayahandi ngo ni iya YOYA Jamal kuko ariwe yayanditse.

Mu myaka yahera haramenyekanye iyindi ndirimbo yakozwe n’umuririmvyi T Max, Ndabaramutsa, iyo ndirimbo bikaba vyaranavuzwe cane ko iyo ndirimbo itari iya T Max, kuko asanzwe akenshi mu ndirimbo yandika atanashiramwo amajambo y’ikirundi ahubwo ashiramwo amajambo y’igiswahiri, ahubwo ngo ni indirimbo yanditswe n’umuririmvyi YOYA JAMAL.

Jamal akaba yakunzwe kubera indirimbo zitari nke zirimwo amajambo y’urukundo, ariko muri ino myaka nk’5 iheze, uwo muririmvyi akaba atabonetse cane ku rubuga rw’umuziki kubera aho yasuhukiye ku mugabane wa Buraya neza neza mu bwongereza ngo hagoye gukorera nkuko yabiyagiye ikinyamakuru Jimbere Magazine.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775