BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Black G ntabibona kumwe n’abandi baririmvyi bagenziwe

Abaririmvyi ngo ntibari bakwiye guta ishavu kuba Dj. Igituma ngo nuko nabo bafise ivyo baba bagenderako bitandukanye n’ivyo abaririmvyi baba bashaka. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Black g mu kiganiro yagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi avunira akagohe bagenziwe ko n’aba DJ nabo bafise ivyo babanza kuraba mu ndirimbo kugira bazivuze. Kimwe muvyo yashikirije ni Quality y’indirimbo bavuza, kuko aramukije avugije mbi iyitameze neza ngo bituma nawe hari ikigabanuka kw’izina ryiwe.

Uwo muririmvyi ntahakana ko hatari indirimbo nziza, ariko ngo ubwiza bwazo buratandukana, kuko ishobora kuba nziza mu majambo, ariko ikaba idafise Quality nziza nkuko yabandanije abishikiriza kuri Micro ya AKeza Web Tv.

Black g muri ico kiganiro nyene yanagarutse ku bamenyeshamakuru,naho we ataco bimutwara kuvuzwa canke kutavuzwa, kuko buri mu ntu akora ikiri ku mutima wiwe. Ariko akaba abasaba ko boraba ko indirimbo n’abaririmvyi bashobora gutuma umuziki n’igihugu bitera imbere, batoguzwa amafaranga makeya umuntu aba ahawe ngo avuze indirimbo itari ikwiriye ico kibanza.

Aha mukamenya ko ingwano hagati y’abaririmvyi n’aba Dj imaze imisi ivuza ubuhuha. Igituma nuko aba Dj bagirizwa kutavuza indirimbo z’abaririmvyi ndundi, ariko bakavuza iz’abanyamahanga gusa, naho hari bamwe babihakana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775