BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Black G yerekeje muri LEC, ahahoze Sat-b

Black G yashizwe musi y’uburongozi bwa LEC, ubwo bwahoze busahiriza Sat-b , ariko bakaba basezeranye batamaze kabiri.

Inyuma y’ukumara igihe asa n’uwuri mu gacerere, Black G , hakanasohoka akaririmbo ariko akavuga ko atakazi kuko yari yagahagaritse kuko yashaka kugasubiramwo mu yindi Studio, uwo musore yaronse umusahirizi.

Nkuko tubikesha bamwe mu begereye ubwo burongozi, hamwe n’urubuga rwa Facebook rwa Kebby Boy asanzwe abarizwa muri ubwo busahirizi, Black G yamaze kwerekeza muri LEC.

Ivyo uwo musore akaba ataho arabishikiriza haba ku rubuga rwa Facebook aanzwe akoresha, ariko hakaba habonetse urundi rubuga rwa Instagram rwiwe rushasha.

Iyo nzu ikaba yahora ikorana na Sat-b ariko bakaba baravavanuye, ariko Kebby yasanzemwo we akaba ariyo akiri.

Mwokwibuka ko uwo musore yigeze kwerekeza muri Tanzania aho vyavurwa ko ariko arondera gukorana n’abaririmvyi baho ariko ntihagira ikivamwo, Tukizera ko ubu ho bizoca bigenda neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775